Emmanuel Ramazani Shadary yatanzwe na Perezida Joseph Kabila ngo azokwitoze mu kibanza ciwe mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ejo kuwa kabiri yasavye umuryango w’ubumwe bwa Buraya gukuraho ibihano wamufatiye hamwe n’abandi bategetsi.
Ivyo bihano birimwo kubima visa zo kuja i Buraya, vyafatiwe kandi umuvugizi wa reta Lambert Mende hamwe n’umukuru w’ibiro vy’iperereza Kalev Mutondo.
Shadary, aregwa guhohotera uburenganzira bwa kiremwa muntu.
Amezi yabayemwo ukunuganugwa ko Kabila ashobora kuzokwitoza yaranzwemwo n’imyiyerekano aho abantu batari bake bahasize ubuzima, yarangiye mu kwezi kwa munani Kabila agenye Shadary kumusubirira.
Facebook Forum