Uko wahagera

RDC: Kandida Ramazani Shadary Asaba Uburayi Kumukurako Ibihano


Emmanuel Ramazani Shadary, umukandida yatowe na Perezida Joseph Kabila mu matora y'umukuru w'igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo
Emmanuel Ramazani Shadary, umukandida yatowe na Perezida Joseph Kabila mu matora y'umukuru w'igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo

Emmanuel Ramazani Shadary yatanzwe na Perezida Joseph Kabila ngo azokwitoze mu kibanza ciwe mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ejo kuwa kabiri yasavye umuryango w’ubumwe bwa Buraya gukuraho ibihano wamufatiye hamwe n’abandi bategetsi.

Ivyo bihano birimwo kubima visa zo kuja i Buraya, vyafatiwe kandi umuvugizi wa reta Lambert Mende hamwe n’umukuru w’ibiro vy’iperereza Kalev Mutondo.

Shadary, aregwa guhohotera uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Amezi yabayemwo ukunuganugwa ko Kabila ashobora kuzokwitoza yaranzwemwo n’imyiyerekano aho abantu batari bake bahasize ubuzima, yarangiye mu kwezi kwa munani Kabila agenye Shadary kumusubirira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG