Igitero ca Misile cagabwe ku bitaro biri mu gisagara ca Dnipro muri Ukraine cahitanye umuntu umwe gikomeretsa 15. Ukraine yegetse ico gitero ku Burusiya.
Muri 15 bakomerekejwe n’iyo misile, babiri ni abana. Ibimenyeshamakuru bikorera muri Ukraine vyerekanye ibitaro vy’inyubakwa y’igorofa igeretse kabiri biriko birasha.
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yise abagavye ico gitero “Inyamaswa”, asigura ko babwirizwa kuzovyishura.
Ku rundi ruhande, indege zibiri zitagira umudereva, drone, zasambukiye mu gisagara ca Krasnodar kiri mu bumanuko bw’Uburusiya, zononye amazu atatangajwe igitigiri. Buramatari w’intara vyabereyemwo watangaje ano makuru ntiyavuze izo drone igihugu zegukira.
Igisagara ca Graivoron cegeranye n’umupaka Uburusiya buhana na Ukraine cazindukiye mu masasu yamijaguwe na Ukraine.
Hagati aho, Prezida wa Ukraine yemeje ko Uburusiya bwatanze imfungwa z’intambara 106. Muri zo harimwo abofisiye 8 n’abasirikare 98 b’ico gihugu.
Facebook Forum