Uko wahagera

Uburusiya Bwashize Umushikirizamanza Mukuru wa CPI ku Rutonde rw'Abo Rurondeza


Karim Khan, umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI,
Karim Khan, umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI,

Uburusiya bwashize Karim Khan, umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, ku rutonde rw'abo burondera. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burusiya bwatangaje ko bumurondera kubera ivyaha mpanavyaha yagirizwa.

Urwandiko bagenzi bacu bo mw’itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, bafitiye kopi, ntirutomora kamere k’ivyaha Uburusiya bwagiriza Karim Khan.

Urwo rwandiko rumudondora uko ari rugira ruti: “Yavutse igenekerezo rya 30 ukwezi kwa gatatu mu 1970. Yavukiye muri Ecosse.” Uwu mwidondoro wa Karim Khan waherekejwe n’ifoto yiwe yatangajwe n’ubwo bushikiranganji.

Uburusiya butanguye kurondeza Karim Khan, inyuma y’amezi abiri CPI isohoreje umutahe mpuzamakungu prezida w’ico gihugu, Vladmir Poutine, na Maria Lvova-Belova, komisiri mukuru araba ivy’agateka k’abana ku rwego rw’igihugu mu Burusiya.

CPI yagiriza Vladimir Poutine na Maria Lvova-Belova ivyaha vy’intambara birimwo kunyuruza abana ba Ukraine. Uburusiya bwamirira kure ivyo vyagiriji vya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.

CPI ikimara gutaburiza abo bategetsi babiri b’Uburusiya umutahe mpuzamakungu, Uburusiya bwaciye bwuguruza ico bwise amatohoza y’ivyaha mpanavyaha bwegetse kuri Karim Khan, umushikirizamanza wa CPI n’abandi bacamanza batatu b’iyo sentare isasira I La Haye mu Buholande.

Mu kwezi kwa gatatu, umurwi ukora amatohoza ku rwego rw’Uburusiya wari wavuze ko Karim “yakoreye intebe ishushe yongera arementaniriza inzirakarengane. Uwo murwi ico gihe wavuze ko Karim Khan “yari afise umugambi wo kugaba igitero kuri umwe mu bategetsi uwo murwi utatatangaje izina.”

Uburusiya ntiburi muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI. Iyo sentare igisohora umutahe wo guhagarika Prezida Vladimir Poutine, bwavuze ko uwo mutahe ataco uvuze kuri bwo. Ukraine yo yamara yemeza ko umutahe CPI yasohoreje Poutine usiguye vyinshi ku mateka y’intambara ivyo bihugu birimwo.

Ukraine yafashe kandi iyo ingingo ya CPI nk’intango y’uko Uburusiya butangura kwishura ku mabi yose bwagirizwa. Amerika nayo nyene isanga vyari bikwiye ko CPI isohora umutahe wo guhagarika Vladimir Poutine.

Ukraine ivuga ko kuva mu kwezi kwa kabiri ko mu 2022, Uburusiya bumaze kunyuruza abana bayo barenga ibihumbi 16. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG