Uko wahagera

Afrika y'Epfo Yisubiyeko ko Itagiye Kuva muri CPI


Prezida wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa wa Afrika y'epfo mu nama nshingamateka i Cape Town, Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 16/02/2023
Prezida wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa wa Afrika y'epfo mu nama nshingamateka i Cape Town, Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 16/02/2023

Ibiro vya perezida muri Afrika y’Epfo vyavuze kuri uyu wa kabiri ko ico gihugu kidategekanya kuvavanura na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI. Ibi ni inyuma y’aho Perezida Cyril Ramaphosa, kuri uyu wa kabiri nyene mu gatondo yari yavuze ko Afrika y’epfo yipfuza kuva muri CPI. Ibiro vyiwe vyavuze ko habaye ukwihenda mu bijanye no gutanga amakuru mu mugambwe uri ku butegetsi ANC.

Ramaphosa yari yavuze ko umugambwe ANC umaze igihe ubona ko CPI idafata kumwe ibihugu. Yariko avuga ko abakuru b’ibihugu benshi bo muri Afrika barengukishijwe imbere y’iyo sentare ifise icicaro i LaHaye mu Buholande.

Ni mu gihe iyo Sentare mpuzamakungu mpanavyaha iheruka gusohorera prezida w’Uburusiya Vladimir Putine umutahe wo kumuhagarika. Imwagirizwa ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine.

Yavuze ko umugambwe wiwe ubona iki kibazo co kudakorera kumwe ibihugu gikwiye kuganirwako, kandi ubona ko Afrika y’epfo ikwiye kuvavanura na CPI.

Umugambwe ANC warigeze kugomba kuva muri CPI mu myaka yaheze ariko ntivyakunze kuko sentare yo muri Afrika y’epfo yabonye vyoba biciye kubiri n’ibwirizwa shingiro.

Putine yaratumiwe mu nama y’ibihugu bihurikiye muri BRICS izobera mu gisagara ca Johannesburg mu kwezi kwa munani. Ibihugu vya BRICS birimwo Brezile, Uburusiya, Ubuhindi, Ubushinwa na Afrika y’Epfo.

Mu gihe Prezida Putine yokwitabira iyo nama, CPI yiteze ko Afrika y’Epfo izoca imuhagarika kuko iri mu bashize umukono kw’ishingwa ry’iyo sentare. Ariko Afrika y’epfo yaranse guhagarika Omar al-Bashir yatwaje igitugu Sudani igihe yajayo mu 2015, naho CPI yamusohoreye umutahe (VOA News).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG