Uko wahagera

Afurika y'Epfo Yipfuza Kuva muri CPI


Prezida wa Afurika y'epfo, Cyril Ramaphosa
Prezida wa Afurika y'epfo, Cyril Ramaphosa

Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, uno musi ku wa kabiri, yatangaje ko umugambwe uri ku butegetsi, ANC, wasavye ko igihugu Kiva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ni inyuma y'uko ico gihugu kinebaguwe kuva ingwano muri Ukraine itanguye, ko gicuditse cane n'Uburusiya. Bitegekanijwe ko Afrika y’epfo, mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka, yakira inama y’ibihugu bigize umurwi BRICS, birimwo Afrika y’epfo, Brezil, Ubushinwa, Ubuhindi n’Uburusiya.

Kubera Afrika y’epfo iri muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, mu bisanzwe ico gihugu cotegerezwa guhagarika Prezida Putin hamwe yokwinjira ku butaka bwaco.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka yarasohoye umutahe w’uguhagarika prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ku caha co mu ngwano c’ukunyuruza abanyagihguu ca Ukraine.

Umugambwe ANC wafashe ingingo ko vyoba vyiza Afrika y’epfo ivuye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Prezida Ramaphosa yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’urugendo prezida wa Finlande, Sauli Niinisto, yagize muri ico gihugu.

Prezida Ramaphosa yatangaje ko ivy’uko Afrika y’epfo izohagarika Putin biriko birihwezwa. Umugambwe ANC wakoranye mu mpera z’indwi irangiye. Umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, Fikile Mbalula, yatangaje ko Prezida Putin ashobora kuza muri Afrika y’epfo, igihe ico ari co cose. Yatangaje ko sentare mpuzamakungu mpapavyahaa idakorera inyungu za bose, ko ahubwo ikorera inyungu za bake.

Prezida Ramaphosa, yatangaje ko ingingo y’umugambwe ANC y’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha yafatiye cane cane ku bibonwa ko iyo sentare idafata neza ibihugu bimwe bimwe. Yavuze ko bokwipfuza ko ico kibazo coganirwa neza. Yamara ko mu kurindira umugambwe ANC wafashe ingingo ko Afrika y’epfo yotegerezwa kuva muri iyo sentare.

Afrika y’epfo yararondeye imbere yaho kuva muri iyo sentare mu mwaka w’i 2016, inyuma y’uko Omar al-Bashir, yahoze ari prezida wa Sudani agendeye ico gihugu. Afrika y’epfo yari yanse guhagarika Bashir sentare mpuzamakungu mpanavyaha yari yafatiye umutahe w’ukumuhagarika. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG