Uko wahagera

CPI Yuguruye Amatohoza ku Bwicanyi muri Ikrene


 Karim Khan arongoye CPI
Karim Khan arongoye CPI

Umukuru wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, Karim Khan yavuze kuri uyu wa mbere ko atanguje amatohoza ku vyaha vyoba vyarabereye muri Ikrene inyuma y’aho Uburusiya buhatereye.

Karim Khan avuga ko anezerejwe n’uko hari ivyerekana kandi bituma umuntu yemeza ko habaye ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha ku kiremwa muntu vyakozwe muri Ikrene kuva mu 2014. Avuga ko aya matohoza azoraba no ku vyaha bishasha biriko bikorwa n’impande zose zerwa n’iyi ntambara yatanguye muri iyi misi ya vuba ku butaka bwa Ikrene.

Ikrene yaremeje mu 2014 na 2015 ko CPI ifise ububasha bwo gutohoza ku vyaha vyabaye ku butegetsi bw’uwahoze ari soma mbike w’Uburusiya, Viktor Yanukovych hamwe n’inyuma y’intwaro yiwe. Hari inyuma y’aho Uburusiya butereye Crimea.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG