Uko wahagera

UK: Umushikiranganji wa Mbere Ageramiwe n'Abashaka Kumwaka Ubutegetsi


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson,
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson,

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, arageramiwe n’abashaka kumwambura ubutegetsi, inyuma y’aho bamwagirije ko yakoresheje imisi mikuru ku ngoro iwe mu gihe ikiza Covid-19 cari kigeramiye abanyagihugu.

Amakuru atangazwa n’ibinyamakuru vyo mu Bwongereza avuga ko inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere Johnson ahakaniye ibirego vyashikirijwe n’uwahoze ari umuhanuzi ku bijanye n’iyo misi mikuru, uyu musi ku wa gatatu, abashingamateka bahurikiye mu mugambwe wiwe bahava batora ingingo ivuga ko batacizeye ubutegetsi bwiwe. Ikinyamakuru The Telegraph catangaje amakuru avuga ko abashingamateka 20 batowe mu mwaka w’2015, bahava bashikiriza amakete amukurako icero bari bamufitiye.

Mu myaka ibiri iheze, Johnson yarakundwa cane n’abahurikiye mu mugambwe wiwe inyuma y’aho atsindiye n’amajwi menshi. Amajwi ata munyepolitike n’umwe yari bwasubire kuronka kuva ku butegetsi bwa Margaret Thatcher mu mwaka w’1987.

Ayo majwi menshi ni yo yatumye ashobora gukura Ubwongereza mw’ishirahamwe rya Bulaya. Yamara ubu, vyahindutse inyuma y’aho hatangarijwe ibirego ko yatunganije imisi mikuru itari mike ku ngoro iwe mu gihe Abongereza bari bifumbereje bari mu ngo zabo kubera amategeko ajanye no kwirinda ikiza ca Covid-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG