Uko wahagera

Ubwongereza Bwatangaje Umuntu wa Mbere Yishwe na Omicron


Abantu batonze barindiriye ku murongo ngo bacandagwe COVID-19 ku bitaro vy'i St Thomas i Londres mu Bwongereza, kw'itariki 13/12/2021
Abantu batonze barindiriye ku murongo ngo bacandagwe COVID-19 ku bitaro vy'i St Thomas i Londres mu Bwongereza, kw'itariki 13/12/2021

Ubwongereza kuri uyu wa mbere bwemeje igikekwa kuba umuntu wa mbere yishwe n’ubwoko bushasha bwa Covid-19 bwiswe Omicron.

Igihe yagendera ikibanza gicandagirwamwo abantu mu burengero bw’umurwa mukuru Londres, umushikiranganji wa mbere Boris Johnson yavuze ko 40 kw’ijana vy’abanduye i Londres banduye ubwoko Omicron kandi abakirwa mu bitaro biyongereye.

Ikigo ca Buraya kijejwe gukinga no kugenzura ingwara, ECDC cabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP, ko bisa n'uko uwo muntu ari we wa mbere ahitanwe na Omicron ku mugabane wa Bulaya. Ariko ico kigo congeye kivuga ko n’aho bir’uko bigoye kwemeza ko vy’ukuri ari we wa mbere.

Muri Afrika y’epfo ahavugwa ko ari ho ubwo bwoko bwatanguriye, nta muntu aravugwa ko bwahitanye, nkuko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu bubivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG