Uko wahagera

Covid-19: Ingenzi z'Ibihugu 6 Vya Afrika Zizobuzwa Kwinjira mu Bwongereza


Ubwongereza bwavuze ko bugiye guhagarika abantu bava mu bihugu bitandatu vya Afrika kwinjira ku butaka bwabwo, inyuma y’aho hagaragariye ubundi bwoko bushasha bwa Covid-19 buhindagurika incuro nyinshi muri Afrika y’Epfo.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu mu Bwongereza, Sajid Javid, yavuze ko ubu bwoko bushasha bushobora kuba bwandukira cane kuruta ubwa Delta kandi ko incanco Ubwongereza bufise zishobora kutagira inguvu zo kuburwanya.

Javid yavuze kandi ko ubwo bwoko bushasha bwa Covid-19 bwatowe no ku ngenzi zavuye muri Botswana na Hong Kong, ariko ko mu Bwongereza atawurasuzumwa ngo basange yaramaze kubwandura.

Javid yavuze ko abashakashatsi babo bahanura ko indege zose ziva muri Afrika y’Epfo, Namibiya, Lesotho, Eswatini, Zimbabwe na Botswana zihagarikwa kwinjira mu gihugu kuva kuri uyu wa gatanu. Nayo Abongereza bazotaha bavuye muri ivyo bihugu bazosabwa kwikumira ukwa bonyene mu mahoteli, no gupimwa imbere yo kwinjira mu miryango yabo.

Ubwongereza buri mu bihugu vyasinzikajwe na Covid-19, aho abantu 144.000 bapfuye kuva uwo mugera ugitangura kugaragara mu ntango z’umwaka uheze. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG