Uko wahagera

Afrika y'Epfo Iriteguye Kuzohingura Urucanco rwa Covid-19


Perezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, ariko atemberera ihinguriro ry'imiti ASPEN mu gisagara ca Port Elizabeth, muri Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 29/03/2021
Perezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, ariko atemberera ihinguriro ry'imiti ASPEN mu gisagara ca Port Elizabeth, muri Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 29/03/2021

Afrika y’Epfo igiye gushingwamwo ikigo ca mbere kizohingurwamwo urucanco rwa Covid-19 ku mugabane wa Afrika. Perezida Cyril Ramaphosa yavuze kuri uyu wa mbere, ko ubu Afrika yatahuye ko incanco zitazokwigera ziva hanze ngo zishike ku gihe kugira zirokore ubuzima bw’abantu.

Perezida Ramaphosa yabitangaje inyuma y’inama yamuhuje n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, hamwe na perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron, mu nama yabahuje hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo. Ariko kubera uwo mugambi uzofata igihe, incanco za mbere zizoboneka mu mwaka uza.

Perezida Ramaphosa avuga kandi ko haruhande yo guhingura incanco, ico kigo kizohingura n’imiti hamwe n’ibindi bikoresho bijanye n’amagara y’abantu kugira Afrika izoze iribako.

Ico kigo kibonwa na OMS nk’inzira yo kurwanya ubusumbane burenze mu kuronka incanco hagati y’ibihugu bitunze hamwe n’ibikenye.

Umukuru w’igisata ca siyanse muri OMS, Soumya Swaminathan, yavuze ko bizotwara kuva ku mezi icenda kugeza kuri 12 imbere yuko incanco za Covid-19 zihingurwa muri Afrika y’Epfo, habanje kuba igeragezwa hamwe no kwemererwa.

Mu rugendo aherukamwo mu kwezi guheze muri Afrika y’Epfo, Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa yavuze ko ariko arasunika uko ashoboye kugira habe guhanahana ubuhinga bwa tekinolojiya kugira ibihugu bikenye bitangure kwihingurira incanco zavyo za Covid-19.

AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG