Uko wahagera

Ubwoko Bushasha bwa Covid 19 Bwatumye Ubwongereza Bufata Ingingo Zihuse


Boris Johnson Umushikirangaji wa mbere w'Ubwongereza
Boris Johnson Umushikirangaji wa mbere w'Ubwongereza

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson yatangaje uno munsi ku wa gatanu ko ubwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 buriko bukwiragira muri Afurika y'Epfo buteye impungenge zikomeye cane.

Abahinga mu vyerekeye ingwara n’imigera babona ko ubwo bwoko bwitwa, B1.1.529 bushobora kuba ari bwo bukomeye cane butowe kubera bushobora gutuma incanco zihari muri iki gihe zidakora neza.

Ubwo bwoko bushasha bwaratowe kandi muri Bostwana na Hong Kong. Ubwongereza bwafashe ingingo ibuza indege zose ziva muri Afrika y’epfo n’ibihugu bitanu bihana imbibe kwinjira ku butaka bwayo.

Nta bantu banduye ubwo bwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19 baraboneka gushika ubu mu Bwongereza. Yamara umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Sajid Javid yabwiye abashingamateka ko ubwo bwoko bushasha B1.1.529 buteye impungenge zikomeye amakungu.

Amenyesha ako batewe impungenge n’uko bushobora kugeramira amagara y’abanyagihugu kubera bwahindaguritse incuro nyinshi, mu buryo budasanzwe.

Arahayagiza abahinga mu bumenyi bo muri Afrika y’epfo kuba bakoreye mu muco. Yamara Reta ya Afrika y’epfo ivuga ko ingingo y’Ubwongereza y’ukubuza indege zivuye ku butaka bwayo kuza muri ico gihugu isa n’iyihutishijwe cane.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG