Uko wahagera

Habonetse Ivyemezo ko Omicron Yabanje mu Bulaya Mbere y'Afurika


Abategetsi bo mu Buholandi bemeje uno musi ku wa kabiri ko ibipimo vya mbere vy’abanduye Omicron vyabonetse imbere y’itariki ya 19 uku kwezi kwa cumi na rimwe. Ni ukuvuga indwi imwe imbere y’uko ubwo bwoko butowe mu bipimo vy’ingenzi zavuye muri Afurika y’Epfo ku wa gatanu zerekeza i Amsterdam ku murwa mukuru w’Ubuholandi.

Kugeza ino saha, ibihugu bimaze kwemera ko vyinjiranywe na Omicron ni Ubuyapani, Ubufaransa, Ubwongereza, Canada, Ecosse, Ostrariya, Otrishiya, Esipanye na Suwede.

Stephane Bancel atwara sosiyete ya Moderna iri mu zakoze incanco za Virusi ya Corona, mu kiganiro yahaye ikimenyeshamakuru, The Financial Times, yavuze ko afatiye ku kungene Omicron iriko irakwiragira n’ingene yandukira, incanco za Covid-19 zisanzwe zihari zishobora kutazohangana n’ubu bwoko bushasha nk’ingene zahanganye n’ubundi bwoko burimwo Delta.

Abahinga ba kaminuza yo mu Bwongereza, Oxford, bari mu bakoze urucanco rwa AstraZeneca, bo yamara mw’itangazo basohoye bavuze ko incanco zihari ku bwabo zizoshobora guhangana na Omicron, bibaye ngombwa bakavuga ko biteguriye kuduza ubukari bw’incanco zihasanzwe.

Umukuru w’umurwi ujejwe imiti mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya nawe yabwiye abashingamateka b’uwo muryango y’uko incanco zihari ata nkeka zishobora gukinga ubwandu bwa Omicron. Ariko yongeyeko ko zoramuka zinaniwe gukingira ubwo bwoko bushasha, ata kibazo vyotera, bizosaba amezi agera kuri ane gusa kugira haboneke urundi rucanco rwo gukoreshwa mu bihugu 27 bigize EU.

Ukutavuga rumwe ku nguvu z’incanco zihari mu gukinga ubwoko bwa Omicron, kuhari mu gihe ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu, OMS, ryo risanga Omicron ije kwibutsa abibaza ko urugamba rwo kurwanya Corona rugeze kure bibesha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG