Uko wahagera

Ubwoko Bushasha bwa Virusi ya Corona Bwashitse I Buraya


Ubwoko bushasha bwa Virusi ya Corona bwiswe, Omicron, bwashitse mu bihugu vyababa 5 vyo ku mugabane wa Buraya. Ubwo bwoko bwandukira cane bwatanguriye muri Afurika y’Epfo buteye impungenge ibihugu vyinshi.

Ubwongereza bwakajije amategeko yo kwikingira harimwo ugutegeka ubufukamunwa no kubwirizwa gupimwa ku binjira ku butaka bwabwo baciye ku bibuga vy’indege. Abantu babiri ni bo bamaze kumenyekana ko banduye Omicron muri ico gihugu.

Ahandi havugwa ubwoko bushasha bwa Virusi ya Corona ni mu Budagi, mu Butariyano, mu Bubirigi, Isirayeri na Hong Kong. Reta zunze ubumwe z’Amerika nazo zatangaje ko naho atawuramenyekana yanduye ubwo bwoko, bashobora kuba bahari.

Abahinga basesanguye bavuga ko ubukari bw’ubu bwoko bushasha bushobora gutuma ingingo zo kuguma mu rugo zari zaravuyeho mu bihugu bitandukanye zongera gushirwaho.

Ikiza ca Virusi ya Corona kuva caduka haraheze imyaka yababa ibiri kw’isi yose kimaze guhitana abarenga imiriyoni 5.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG