Uko wahagera

Afurika y'Epfo Isaba Kudakumirwa Kubera Ubwoko Bushasha bwa Corona


Abajejejwe amagara y’abantu mu Buholande batangaza ko abantu 13 baheruka kwinjira muri ico gihugu bavuye muri Afurika y’Epfo basanganywe ubwandu bw’ubwoko bushasha bwa Virusi ya Corona bwitwa Omicron.

Abasanganywe ubwandu bwa Omicron bari muri 61 bapimwe ku wa gatanu bagishika I Amsterdam ku murwa mukuru w’Ubuholande. Omicron igize ubwoko bugira gatanu bwa Virusi ya Corona. Ubu bwoko naho buteye impungenge, abahinga basigura ko batazi niba ari bwo bukaze gusumba ubundi bwari buhasaznwe.

Ibihugu birimwo Reta zunze Ubumwe z’Amerika, Canada, Brezile na bimwe mu bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya vyafashe ingingo zo gukumira ingenzi ziva muri Afurika y’Epfo, igihugu catanguriyemwo Omicron.

Reta y’Afurika y’Epfo yatangaje ko gufatirwa ingingo zirimwo ugukumira ivomo ingenzi ziva muri ico gihugu ari ingingo “ Yafashwe gihutihuti” kandi bishobora kugira ingaruka ku butunzi bw’ico gihugu.

Muri Afurika y’Epfo, ibice 35% vy’abari hejuru y’imyaka 18 baramaze kwikingiza. Abahinga mu vy’amagara y’abantu bagabisha ko incanco zidakwiragijwe mu bihugu vyose ikiza ca Virusi ya Corona bizogorana ko gituzwa burundu.

Hagati aho, ibihugu bimaze gutorwamwo ubwoko bushasha bwa Virusi ya Corona ni Austrariya, Ubudagi, Ubutariyano, Ububirigi, Isirayeri na Hong Kong. Reta zunze ubumwe z’Amerika nazo zatangaje ko naho atawuramenyekana yanduye ubwo bwoko, bashobora kuba bahari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG