Mu Burundi, umushikiranganji w'intwaro yo hagati ahamagarira umunyagihugu wese kwigenza nk'umukozi w'iperereza mu gukingira umutekano.
Pascal Barandagiye avuga ko umutekano utosekazwa n'abantu basamara ntibamenye ko igikorwa co gukingira umutekano ari ic'abantu bose nk'uko bikorwa muri Tanzaniya.
Umushikiranganji Barandagiye mu majambo yiwe agira ati:" Nta wuhitamwo umubanyi, twagize amahirwe atari yo yo kubangikana n’igihugu c'u Rwanda. Si twe twabisavye mugabo vyagenze uko. Ko rero atari twe twabisavye akaba ari indinganizo y’Imana tubibemwo uko ariko. Ibi rero bidusaba ko dukora ijoro n’umutaga tukazibira kuva ku gihengeri kinini gushika ku gahengeri gato, tukazitira gushika aho tuzitirira n'akayabu."
Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza
Facebook Forum