Uko wahagera

Bamwe mu Basirikare Baguye i Mabayi Baramaze Gushingurwa


Mu basirikare b’igihugu c’Uburundi baguye mu gitero co muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke, 18 ni bo bamaze gushingurwa kuva ku musi wa gatanu w'indwi iheze.

Igisirikare c’Uburundi nta bitigiri vy’ingabo zaco zaguye muri ico gitero kiratangaza co kimwe n’abo coba carishe canke carafashe mpiri.

Ico giterocagabwe mw’ishamba cimeza rya Kibira mw’ijoro ryo kw’itariki ya 16 rishira iya 17 kimaze kwiyitirirwa n’imirwi ibiri mu gihe Reta y’Uburundi yacegetse ku “Karwi kaje kava mu Rwanda”.

Abategetsi batandukanye b’u Rwanda barimwo umuvugizi w’ingabo n’umunyamabanga wa reta mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y'u Rwanda n'ayandi makungu babwiye Ijiw ry’Amerika ko “ivyagiriji yise ko bidasfashe biza biva mu Burundi babimenyereye, kugira ico babivuzeko kwoba ari uguha agaciro ibidakenewe."

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Ni kuki igitigiri c'abasirikare baguye i Mabayi kitaramenyekana?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:35 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG