Ibiro vya Reta Zunze ubumwe z’Amerika bijejwe iterambere mu makungu, USAID, vyarahagarikiye Reta y’Uburundi imfashanyo zitangwa, ziri mu mugambi wo guteza imbere akarere k’ibihugu vyo muri Afurika y’ubuseruko, EAC, wasinyiraniye n’Amerika.
Mu rwandiko USAID yandikiye umunyamabanga mukuru wa EAC, Liberat Mpfumukeko, kw’igenekerezo rya mbere y’ukwezi kw’indwi umwaka w’2019, Ijwi ry’Amerika ryabonye kuri uyu wa gatatu, Amerika inenga Uburundi kuba buri ku rugero rwo hasi cane ugereranije n’ibindi bihugu kw’isi mu kurwanya urucuruzwa rw’abantu.
Amafaranga yagenewe uwo mugambi ntiyemerewe no gukoreshwa mu ngendo abakozi ba EAC bagira mu Burundi mu biganiro na Reta, ndetse n’abahinga b’Uburundi baja mu manama ya EAC abera mu Burundi no hanze yabwo.
Amesezerano yo muri uyo mugambi w’Imyaka itanu, arimwo gufasha mu guhanahana ibidandazwa, gushinga imitahe, guteza imbere ibidukikije, uburimyi hamwe n’amagara y’abantu mu bihugu bihurikiye muri uyo muryango. Ivyo bihugu bigize EAC ni Uburundi, u Rwanda, Uganda, Tanzaniya, Kenya na Sudani yo mu bumanuko.
Facebook Forum