Uko wahagera

Ubumwe bw'Afurika Busaba Abanyekameruni Kwihanganiranira


Moussa Faki aramutswa umuryango w'ibihugu bigize ubumwe bwa Afurika
Moussa Faki aramutswa umuryango w'ibihugu bigize ubumwe bwa Afurika

Mu gihe icuka gifatiye ku matora y'umukuru w'igihugu muri Kameruni kibandanya kiba kibi, umuryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Afurika wahamagariye impande zose za politike muri ico gihugu kwihanganiranira.

Ni inyuma yuko umukandida atavuga rumwe na reta, Maurice Kamto, atangarije ko ari we yatsinze ayo matora yabaye ku munsi w’Imana w'indwi iheze. Ni amatora yitabiriwe na bake yongera arangwa n’uruhagarara mu ntara zivuga ururimi rw’icongereza.

Umukuru w'umuryango w'ibihugu bigize ubumwe bwa Afurika, Moussa Faki Mahamat, yavuze ko uwo muryango uriko ukurikiranira hafi ivy'ayo matora, yongera ahanura abatashimye uko yagenze kwitura ubutungane.

Abategetsi ba Reta ya Kameruni bavuze ko Maurice Kamto wo mu mugambwe utavuga rumwe na reta, MRC, yaciye kubiri n'amategeko mu gutangaza ko ari we yatsinze amatora yo ku wa Mungu.

Ibwirizwa nshingiro rya Kameruni rivuga ko ivyavuye mu matora bitangazwa inyuma y'iminsi 15 amatora atunganijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG