Uko wahagera

Perezida Biya Ahabwa Amahirwe yo Gustinda Amatora muri Kameruni


Perezida wa Kameruni Paul Biya ariko aratora ari kumwe n'umutambukanyi wiwe i Yaounde, Kameruni, itariki 07/10/2018.
Perezida wa Kameruni Paul Biya ariko aratora ari kumwe n'umutambukanyi wiwe i Yaounde, Kameruni, itariki 07/10/2018.

Abanyagihugu muri Kameruni bitabiriye amatora yo guhitamwo perezida wabo mushasha mu rutonde rw’umunani bitoje barimwo Perezida Paul Biya w’imyaka 86 y’amavuko amaze imyaka 36 ku butegetsi.

Umutekano wari ucungerewe bikomeye mu ntara zivugwamwo icongereza inyuma y’ugutana mu mitwe gukomeye kwabaye mu bisagara bitari bike vy’izo ntara.

Abarorerezi b’amatora, barimwo ab’umuryango w’ubumwe bw’Afurika, bari bavuze ko batazoja mu bumanuko no mu buraruko bushira uburengero kubw’umutekano muke uharangwa.

Perezida Biya ashobora kwongera gutorwa na nyaburya abatavuga rumwe n’ubutegetsi bananiwe no kwumvikana ku mukandida umwe yobaserukira.

Ibwirizwa shingiro rya Kameruni rivuga ko ivyavuye mu matora bitangazwa mu misi 15.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG