Uko wahagera

Perezida Paul Biya wa Kameruni Aziyamamariza Indi Manda


Perezida wa Kameruni, Paul Biya, yatangaje ko azokwitoreza ikindi kiringo mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Biya, w’imyaka 85, yatangaje abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter kuri uyu wa gatanu, ko azohagarara nk’umukandida mu matora yo mu kwezi kwa cumi. Yavuze ko agiye kuzokwitoza kugira agaragaze neza ko igihugu ca Kameruni ciyunze, gitekanye kandi giteye imbere.

Biya ni umukuru w’igihugu ca Kameruni kuva mu mwaka w’1982 kandi agira kabiri mu bakuru b’ibihugu bo muri Afrika bamaze gutwara imyaka myinshi. Ni inyuma ya Teodoro Obiang Nguema wa Guinee Equatorial.

Mu mwaka w’2008, yarakuyeho ibiringo vy’umukuru w’igihugu mw’ibwirizwa shingiro, bituma yongera kwitoza kandi aratsinda amatora yo mu mwaka wa 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG