Uko wahagera

Abatavuga Rumwe na Reta Baranebagura Prezida Biya


Perezida wa Kameruni Paul Biya
Perezida wa Kameruni Paul Biya

Prezida w’igihugu ca Cameroun, Paul Biya, yashizeho umurwi ujejwe gutohoza icatumye haba impanuka y’itereni, mu ndwi iheze, yahitanye abantu mirongo umunani, abandi amajana atandatu barakomereka. Yamara, John Fru Ndi, ayoboye umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, Social Democratic Front, avuga kw’uwo murwi bidasa nuko uzogira ico uhsiteko, ku vyerekeye kumenya icatumye iyo tereni ita inzira yayo.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, John Fru Ndi, yasavye ko hashirwaho umurwi wigenga ujejwe gutohoza impanuka y’iyo tereni.

Ariyamiriza ibitigiri bishikirizwa na Reta, mu kuvuga ko bitavugisha ukuri ku bahasize agatwe.

Yagirije prezida Biya, ko yakumiye abatavuga rumwe na Reta mu mirwi ariko ashiraho ijejwe gutohoza ibibazo biri mu gihugu, harimwo impanuka iharutse kuba y’itereni.

Abashigikiye Reta bavuga kw’ivyagirizo vy’abatavuga rumwe na Reta bitagira ishingiro. Bavuga ko prezida Biya, ariwe wenyene afise uburenganzira bw’ukurongora igihugu, n’ugukingira abanyagihugu, hamwe n’ukwubahiriza umutekano wabo, nkuko biri mw’ibwirizwa shingiro.

XS
SM
MD
LG