Uko wahagera

Kameruni: Maurice Kamto Yemeza ko Yatsinze Amatora


Umunyakameruni Maurice Kamto yatangaje ko yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Yaoundé, itariki 8/10/2018.
Umunyakameruni Maurice Kamto yatangaje ko yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Yaoundé, itariki 8/10/2018.

Uwutavugarumwe n’ubutegetsi muri Kameruni atangaza ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, ni mu gihe amajwi agiharurwa.

Maurice Kamto wo mu mugambwe Cameroon Resistance Movement, ariko nta biharuro yatanze bishigikira ivyo yavuze ejo ku musi wa mbere. Yemeje ko Abanyekameruni bamuhaye uburenganzira bwo guhuza igihugu.

Abategetsi bajejwe amatora bagabishije Kamto hamwe n’abandi bashikiriza ko batsinze ko bashobora kuba bariko baca kubiri n’amategeto.

Ibiharuro vya nyuma muvyavuye muri ayo matora bitegekanijwe gutangazwa mu kiringo c’indwi zibiri.

Perezida Paul Biya yizigiye gutsinda iyindi manda y’imyaka indwi. Biya, w’imyaka 85, yashitse ku butegetsi mu 1982, kandi ni umwe mu bakuru b’ibihugu bamaze imyaka myinshi ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG