Uko wahagera

Ubufaransa, Ubudagi n’Ubutaliyano Bisaba Amakungu Kutivanga mu vya Libiya


Ibihugu vy’ Ubufaransa, Ubudagi n’Ubutaliyano vyahamagariye amakungu kureka kwivanga mu matati ya Libiya. Ivyo bihugu vyasavye kandi impande zishamiranye muri Libiya guhagarika ingwano ata kirinze gusabwa.

Mw’itangazo rusangi ivyo bihugu vyibukije amakungu ko ibihano vy’ibirwanisho akanama ka ONU kajejwe umutekano kashiriyeho Libiya bibwirizwa kwubahirizwa.

Kuva ubutegetsi bwa Mouammar Kadhafi butembagajwe mu 2011, Libiya iri mu ruhagarara rutavanako ruterwa ahanini n’ukutumvikana hagati ya Reta y’ubumwe yashinzwe biciye mu masezerano yabonetse ahagarariwe na ONU, n’uruhande rw’umu marechal yitwa Khalifa Haftar agenzura ubuseruko bw’ico gihugu.

Uruahande rwa Khalifa Haftar rushigikwe n’ibihugu birimwo Uburusiya, Misiri na Emirates z’Abarabu Ziyunze, mu gihe ONU yemera ko igihugu kiramutswa Fayez al-Sarraj, yahawe ubutegetsi biciye muri Reta y’Ubumwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG