Uko wahagera

Papa Fransisiko Aratabariza Igihugu ca Libiya


Vatican Pope
Vatican Pope

Papa Fransisiko yasavye amakungu, abanyepolitike hamwe n’abategetsi ba gisirikare guhagarika intambara muri Libiya no kworohereza ubuzima bw’abimukira hamwe n’abandi bagotewe muri izo ntambara.

Mw’ijambo yashikirije kuri uyu w’Imana ari mu kibanza citiriwe mutagatifu Paulo, Papa yashikirije ko adahengeshanya gusengera abimukira, impunzi, abasaba ubuhungiro hamwe n’abateshejwe ingo zabo muri Libiya.

Amenyesha kandi ko ikiza c’umugera wa corona kibangamiye igihugu kandi casanze igisata c’amagara y’abantu carasinzikajwe n’izo ntambara.

Libiya cinjiye mu ntambara n’ubwicanyi kuva habaye imigumuko yakurikiwe n’iyicwa rya Perezida Moamar Kadhafi mu mwaka wa 2011, bifashijwemwo n’inteko za OTANI.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG