Reta y’Ubumwe muri Libiya itangaza ko ifise mu minwe Tripoli n’imicungararo yayo yose. Ibi vyatangajwe kuri uyu wa kane na Mohamad Gnounou avugira reta y’ubumwe yemewe n’amakungu, inyuma y’aho inteko za reta avugira zigaruriye ikibuga c’indege kiri ku murwa mukuru kuri uyu wa gatatu.
Hari haheze umwaka urenga reta yaragitakaje, cari mu minwe y’inteko za Jenerali Khalifa Haftar. Ico kibuga c’indege kiri mu bumanuko bwa Tripoli, nta ndege zakirwako kuva mu 2014 igihe casamburwa n’ibitero hagati y’impande zirwanira ubutegetsi muri Libiya.
Icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi, Salah Namrush yashikirije ko inteko za reta yiwe zikibandanya zirukana ibisigariro vy’abo yise imirwi y’iterabwoba yinyegeje mu bihome vya Tripoli.
Inteko za reta yemewe n’amakungu zigaruriye uduce twari mu minwe y’inteko za Haftar zifashijwe n’indege za Turukiya. Ni mu gihe Haftar nawe afashwa na Misiri, Emirat zunze ubumwe z’Abarabu hamwe n’Uburusiya muri izo ntambara.
Ni mu gihe kandi intumwa ya ONU, Stephanie Williams yatangaje ko ibiganiro vy’amahoro bigamije ku guhagarika intambara vyatanguye kuri uyu wa kabiri kandi ari intambuko ya mbere ishimishije.
Facebook Forum