Uko wahagera

Tanzaniya: Mbowe Atavuga Rumwe n'Ubutegetsi Yitavye Ubutungane


Freeman Mbowe, arongoye umugambwe Chadema utavuga rumwe na reta ya Tanzaniya,
Freeman Mbowe, arongoye umugambwe Chadema utavuga rumwe na reta ya Tanzaniya,

Freeman Mbowe, arongoye umugambwe Chadema utavuga rumwe na reta ya Tanzaniya, yarengutse muri sentare nkuru yo ku murwa mukuru w’ubutunzi, Dar es Salaam, uno musi ku wa kabiri guhangana n'ibirego vy'iterabwoba.

Umugambwe wiwe utangaza ko ari ingingo ifatiye ku mpamvu za poltike igenewe kunumya abatavuga rumwe na reta. Freeman Mbowe n’abamushigikiye bagiriza igipolisi ko camuboreje igufa ari mu mvuto.

Mbowe, afise imyaka 59 muri iki gihe, ari mu mvuto kuva kw’itariki 21 y’ukwezi kw’indwi igihe yahagarikwa n’igipolisi ari kumwe n’abandi bayobozi bakomeye b’umugambwe Chadema. Bahagaritswe hasigaye amasaha makeyi ngo bakoreshe ikoraniro bari bategekanije, ryari rifise intumbero yo gusaba ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro.

Uyu munyapolitiki yagirijwe ko aha amafranga abakora iterabwoba kandi akorana nabo. Amenyesha ko uburenganzira bwiwe butegekanywa n’ibwirizwa shingiro bwahonyanzwe mu kumuhagarika n’ukumwagiriza ivyaha. Ni muri dosiye yateye impungenge ku kugene demokrasi n’iyubahirizwa ry’amategeko vyifashe muri Tanzaniya ku ntwaro ya Prezida Samia Suluhu Hassan.

Abaserukira ambasade z’Ubwongereza na Reta zunze ubumwe z’Amerika bari muri sentare kwumviriza urubanza co kimwe n’abayobozi bakuru b’umugambwe Chadema. Igipolisi cabujije abamenyeshamakuru kwinjira mu cumba ca sentare urubanza rwabereyemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG