Uko wahagera

Umukuru w'Abatavuga Rumwe na Reta ya Tanzaniya Yahagaritswe


 Freeman Mbowe kumwe n'abamushigikiye
Freeman Mbowe kumwe n'abamushigikiye

Umukuru w'umugambwe, Chadema, ukomeye mu yitavuga rumwe na Reta ya Tanzaniya yatawe muri yompi. Mw’itangazo umugambwe Chadema wacishije ku rubuga rwawo rwa Twitter, wavuze ko Freeman Mbowe Mbowe yahagaristwe na polisi mu ma saa munani n’inusu z’ijoro.

Polisi yamusanze kw’ihoteri yariko I Mwanza mu burengero bushira ubuseruko bwa Tanzaniya, aho yari yagiye mw’ikoraniro ry’umugambwe aramutswa. Abanywanyi b’umugambwe wiwe bagera kw’icumi bafatanywe nawe bafungiwe muri komisariya ya polisi I Mwanza, mu gihe we umugambwe wiwe uvuga ko atawuzi iyo yajwanywe.

Muri iryo tangazo, umugambwe Chadema wasavye ko polisi yovuga aho indongozi yawo iri, n’ico yahagarikiwe. Uwo mugambwe wiyamirije kandi ico wise ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu muri Tanzaniya, wongera uvuga ko hari ibimenyestso vy’uko “Intwaro y’igitugu y'ubutegetsi bw’umuhisi John Pombe Magufuli ibandanya”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG