Uko wahagera

Tanzaniya Ivuga ko ata Murundi Azokwimurirwa mu Gihugu ca Gatatu


Bamwe mu Barundi Bahungiye muri Tanzaniya mu 2015
Bamwe mu Barundi Bahungiye muri Tanzaniya mu 2015

Reta ya Tanzaniya ivuga ko ata mpunzi y’Umurundi ibarizwa mu nkambi ya Nduta na Nyarugusu izojanwa mu gihugu kigira gatatu kiretse abanyekongo gusa. Ni mu gihe yemeza ko reta y’Uburundi ivuga ko mu gihugu hari amahoro akwiye.

Ibi bikubiye mu itangazo riva mu biro vy’umurongozi mukuru w’ikambi ya Nyarugusu, rivuga ko iyo ngingo yafashwe bafatanije n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi HCR. Iryo tangazo rivuga ko ata mpunzi y’Umurundi izojanwa mu gihugu kigira gatatu bagasaba impunzi kwiyandikisha gutaha gusa.

No mu nama zitandukanye zifatiye ku gikorwa co guhimiriza impunzi kwiyandikisha ku bwinshi kugira zitahukanwe, umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Sudi Mwakibasi yama yahimirije impunzi gutaha ku bushake inyuma y'aho zizotahukanwa ku nguvu.

Bwana Sudi Mwakibasi yabariye izo mpunzi ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye igihe yakora urugendo rw’imisi itatu muri Tanzaniya yemereye reta ko mu Burundi hari amahoro akwiye, kubw'iyo mpamvu yavuze ko ata ngingo ihari yo gutwara izo mpunzi mu gihugu kigira gatatu.

Mu nama yakoreye ku ruhande rw’impunzi z’Abanyekongo zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya kuva mu mwaka w’1996 yavuze ko zo kubwazo zemerewe kujanwa mu gihugu kigira gatatu, kubera ko mu gihugu cabo hakiri utunenge twinshi ku kibazo c’umutekano muke ubarizwa mur'ico gihugu

Zimwe mu mpunzi zahungiye mu nkambi ya Nyarugusu zahaye ikiganiro ijwi ry’Amerika zo zisanga ico zahunze kitarakemuka. Zongeye zishimangira ko no mu Burundi amahoro ataraboneka, nyuma y'aho bumvise umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avyivugira aho yakora urugendo mu gihugu ca Tanzaniya. Perezida Ndayishimiye yavuze ko hakiri imirwi y’iterabwoba ihungabanya umutekano mu gihugu, basaba reta na HCR kubashakira umuti urama.

Mu bitigiri dukura HCR, impunzi z’Abarundi n’abanyekongo bose hamwe basigaye mu nkambi ya Nyarugusu barenga gato ibihumbi 128, abanyekongo barenga gato ibihumbi 79 mu gihe abarundi basigaye mur'iyo kambi bagera ibihumbi 49.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG