Uko wahagera

Tanzaniya Ivuga ko Itazosubira Guha Ubwenegihugu Abarundi Bahunze


Prezida Evariste Ndayishimiye na mugenzi wiwe wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan
Prezida Evariste Ndayishimiye na mugenzi wiwe wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan

Reta ya Tanzaniya yagabishije ko ata bwenegihugu izotanga ku mpunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli zidashaka gutaha. Tanzaniya isigura ko mu Burundi amahoro yagarutse.

Tanzaniya ifashe ino ngingo inyuma y'urugendo rw'imisi itatu Prezida Evariste Ndayishimiye yakoreye muri ico gihugu mu ndwi iheze. Mu vyo yasavye muri urwo rugendo harimwo gukomeza umugambi wo gutahukana impunzi z’Abarundi no kurwaniriza hamwe imirwi y’iterabwoba imaze iminsi ihungabanya umutekano mu gihugu c’Uburundi.

Ingingo yo kudasubira guha abarundi bahunze ubwenegihugu, Tanzaniya yayitangarije mu nama zifatiye ku gikorwa co guhimiriza impunzi kwiyandikisha ku bwinshi kugira zitahukanwe. Iryo himiriza ririko rikorwa n’umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’ intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Sudi Mwakibasi, mu nkambi za Nyarugusu, Mtendeli na Nduta.

Bwana Sudi Mwakibasi yabariye izo mpunzi ko umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aheruka muri Tanzaniya yemereye reta ko mu Burundi hari amahoro akwiye ku bw'iyo mpamvu yavuze ko ata ngingo ihari yo gutwara impunzi mu gihugu kigira gatatu cibure kuronswa ubwene gihugu kiretse kwemera gutaha nyuma yaho bazotahukanwa bose hamwe vyanse bikunze.

Zimwe mu mpunzi zahungiye mu nkambi ya Nyarugusu zavuganye n'Ijwi ry’Amerika zo zisanga ico zahunze kitarakemuka zikongera zigashimangira ko no mu Burundi amahoro ataraboneka nyuma yaho bumvise umukuru w’igihugu Ndayishimiye avyivugira ko hakiri imirwi y’iterabwoba ihungabanya umutekano mu gihugu.

Impunzi z’Abarundi zisigaye mu gihugu ca Tanzaniya mu bitigiri dukura muri HCR zirenga gato 140.000. Izo mpunzi zicumbikiye mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG