Uko wahagera

HCR Irasaba Tanzaniya Kubahiriza Agateka k'Impunzi z'Abarundi


Uwutwara ishiramwe ryitaho impunzi HCR ku rwego rw’isi, Filippo Grandi, asaba igihugu ca Tanzaniya kudasubira guhungabanya agateka k’impunzi z’Abarundi zahungiyeyo, ahubwo bagahimirizwa gutaha ku gushaka kw’abo.

Uwo mutegetsi ariko aragendera Uburundi, kuri uyu wa gatatu yabonanye n’abategetsi batandukanye harimwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati ajejwe impunzi. Uburundi na bwo bwaboneyeho akaryo ko kubwira uwo mushitsi w’iteka ko zimwe mu mpunzi z’Abanyekongo zahawe indaro mu Burundi ziri mu bahungabanya umutekano w’igihugu.

Impunzi z'Abarundi mu gihugu ca Tanzaniya n'amashirahmwe akingira agateka k’impunzi ziba mu makambi bemeza ko abarundi barenga 170 bahungiye mur'ico gihugu banyurujwe abandi bagatahukanwa ku nguvu, mu myaka ibiri iheze.

Uwutwara ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ku rwego rw’isi, ariko aragendera Uburundi, yarumvise ako kamo kabo, banashize ndetse mu nyandiko zitandukanye bamurungikiye.

Filippo Grandi yatangaje ko igihugu ca Tanzaniya gitegerezwa guhagarika iyi ngendo yo kubangamira impunzi z’Abarundi. Atanga akarorero ku mpunzi zahungiye mu Rwanda, avuga ko ziriko zitahuka ku gushaka kw’azo.

Kuri uyu wa gatatu, Filippo Grandi yahawe umubonano n’abategetsi batandukanye harimwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, ajejwe ikibazo c’impunzi. Mu vyo baganiriye harimwo ico kibazo co gutahukana no gukurikirana impunzi zahungiye mu bihugu bibanyi vy’Uburundi. Bagarutse no kukibazo cerekeye impunzi Uburundi bwahaye indaro.

Umwunganizi muri ubwo bushikiranganji Dathus Nyandwi yemeje ko Uburundi bwashimikiye ku Banyekongo barenga ibihumbi 80, baba mu makambi 5 mu Ntara za Muyinga, Ngozi na Ruyigi. Uburundi busigura ko bamwe muri izo mpunzi ari intandaro y’umutekano muke.

Kuri ivyo, ku munsi wa mbere w’iyi ndwi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca yari yasiguriye abakenguzamateka ko izo mpunzi z’Abakongomani zibwirizwa gucungishwa ijisho.

Ku bwa HCR, umuti urama w’ikibazo c’impunzi ni uko batahuka mu gihugu c’abo. Yamara, rigasaba ko abatariyumvamwo umutekano mu mutima, boguma bafashwe neza mu bihugu bahawemwo indaro.

Ku ndwi iheze, Reta ya Tanzaniya na yo yatangaje ko igiye kwicarira intambamyi n’amabi yose abangamiye impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 145 zahungiye mu makambi ya Nduta, Nyarugusu na Mtendeli.

Ico gihugu ca Tanzaniya ntikiri ku rutonde rw’urugendo Filippo Grandi atwara HCR kw’isi ariko aragira mu bihugu vyo mu karere k’Ibiyaga binini. Yarutanguriye muri Kongo, abandaniriza mu Rwanda, mu nyuma aja mu Burundi ku munsi wa kabiri, ajanye n’impunzi zitahutse zivuye mu Rwanda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG