Uko wahagera

RSF Yagiriza Akarere k'Ibiyaga Binini Kuburabuza Abanyamakuru


Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri RSF
Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri RSF

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporters sans frontières, rivuga ko ama Reta yo mu karere k’ibiyaga binini akomeje kubangamira ubwigenge bw’itangazamakuru.

Mu ikiganiro cihariye Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri iryo shirahamwe yahaye Ijwi ry’Amerika yemeje ko ibihugu bigize ako karere bifise ico bihuriyeko: Kunumya abanyamwuga, kubatera igitsure n’ubwoba.

Tumwe mu turorero Arnaud Froger atanga dutuma ako karere kaguma mu kibanza c’abanyeshure babi ni nk’Uburundi bwagumye mu kibanza c’159 ku bihugu 180 RSF ikoramwo amatohoza ngarukamwaka y’ubwigenge bw'itangazamakuru mw'isi.

Mu majambo yiwe Froger yagize ati :”Twovuga ko ico gihugu kiri mu muzimiza. Mu 2018 Leta yafashe ingingo y’akarenganyo mu kugara amaradiyo abiri akomeye mpuzamakungu ariyo VOA na BBC. Ibiriko biraba ni akajagari, urubuga rwari rusanzwe rwugawe ku bamenyeshamakuru bari ku butaka bw’ico gihugu, abamenyeshamakuru benshi barahunze none ubu naho hatandukiriwe ibinyamakuru mpuzamakungu."

RSF ntiyagiriza Uburundi bwonyene guhonyanga ubwigenge bw’itangazamakuru. Ku ruhande rw’u Rwanda iryo shirahamwe risigura ko kuba ata bameyshamakuru benshi bahunga bidasigura ko ari amarame.

Ku bwa Froger, ubutegetsi bwa Paul Kagame bwatanguye guhonyanga ubwigenge bw’itangazamakuru kera. Uwo mutegetsi w’igisata ca Afrika muri RSF ashimangira ko hari abanyamakuru b’u Rwanda muri kahise bsihwe, abandi barahunga. Akavuga ko Tanzaniya yigira ingeso mbi yo kunigira muri menshi ubwigenge bwo kumenyueshamakuru ku Rwanda.

Mu gihe Republika iharanira demokarasi ya Congo ari kimwe mu bihugu abamenyeshamakuru babonye amahano mw’isi umwaka uheze, RSF isaba prezida mushasha Felix Tshisekedi kwitandukanye n'uwo yasubiriye akirinda ko abanyamwuga baburabuzwa nkuko vyagenze mu mwaka uheze.

Inkuru yateguwe n’umumenyshamakuru w’Ijwi ry'Ameirk Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:47 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG