Abantu isinzi bakoraniye uno musi ku wa mbere ku murwa mukuru w’igihugu ca Irani, Teherani kugira bagandarire Jenerali Qassem Soleimani yahitanywe n’igitero c’indege y’ingwano ya Reta Zunze Ubumwe z'Amerika ku musi wa gatanu w’indwi iheze.
Uwasubiririye Soleimani yatangaje ko yiyemeje kwihora iyicwa ryiwe. Ni mu gihe Perezida wa Amerika, Donald Trump nawe agabisha gutera ibibanza ndangamico vyo muri Irani hamwe ico gihugu cokwihora kw’iyicwa ry'uwo mu Jenerali.
Mu gihe icuka gikomeje kuba kibi hagati y'Amerika na Irani, umurwi ugizwe n’ibihugu vy’Ubufransa, Ubwongereza n’Ubudagi nawo wasavye Irani kwubahiriza amasezerano yateyeko igikumu n’amakungu mu mwaka w’i 2015 ku bijanye n’umugambi werekeye kudakora ibirwanisho ruhonyanganda. Ivyo bihugu vyasavye kandi Irani kudakora ibitero vy’ukwihora.
Irani yishuye ivuga ko itacubahirije ivy'ayo masezerano igiye nyabuna kugabanya urugero rw’uguhingura uranium yemeye kutarengako. Ico gihugu nticavuze ariko urugero kizogabanya.
Facebook Forum