Uko wahagera

Perezida Trump Asaba Ikiguzi Imbere yo Kuvana Abasirikare muri Iraki


Abasirikare bakuru ba Amerika bahererekanya uburongozi muri Iraki
Abasirikare bakuru ba Amerika bahererekanya uburongozi muri Iraki

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump avuga ko Amerika itazova muri Iraki kiretse ico gihugu gitanze ikiguzi c’ikambi ikoreshwa n’indege Amerika yahubatse.

Trump yabishikirije ejo kuw'Imana, inyuma y’aho inama nshingamateka ya Iraki yemereje kwirukana abasirikare 5200 b’Amerika bari muri Iraki.

Inama nshingamateka ya Iraki yasavye abasirikare b'Amerika gutahuka, mu kugaragaza ko bateye kubiri n’igitero ca drone Amerika yakoze muri Iraki, cahitanye jenerali Qassem Soleimani yari umutegetsi akomeye mu gisirikare ca Irani.

Amerika ikoresha ibibanza 12 vya gisirikare muri Iraki yose. Trump ariko ntiyatomoye ikambi nyezina yariko aravuga.

Umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu Mike Pompeo yashikirije ko yizeye ko ata banyagihugu ba Iraki bazokwemera ko Amerika itahukana abasirikare.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Morgan Ortagus asaba Iraki kwisubirako kuri iyo ngingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG