Uko wahagera

Imyiyerekano kuri Ambasade y'Amerika muri Iraki Yahagaze


Abari mu myiyerekano kuri Ambasade y'Amerika i Baghdad muri Iraki
Abari mu myiyerekano kuri Ambasade y'Amerika i Baghdad muri Iraki

Imirwi y’abantu bashigikiwe na Irani bari mu myiyerekano yiyamiriza ibitero vyakozwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Iraki bavuye kuri ambasade y’Amerika i Baghdad kuri uyu wa gatatu.

Abo bari mu myiyerekano bavogereye iyo ambasade bishura ku bitero vy’indege z’Amerika ku musi w’Imana, ku muhari Kataeb Hezbollah, ufashwe mu mugongo na Irani.

Amerika yo ivuga ko bihoye roketi uwo muhari wateye ukica umukozi w’igisirikare c’Amerika mu ndwi iheze.

Ubushikiranganji bw’Amerika bwo kwivuna abansi bwarungitse abandi basirikare 750 mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati muco umushikiranganji Mark Esper yise kuba magabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG