Uko wahagera

Nta Munyepolitike Azongera Guhabwa Ijambo mu Misa mu Burundi


Musenyeri Gervais Banshimiyubusa
Musenyeri Gervais Banshimiyubusa

Ekleziya katolika mu Burundi yafashe ingingo ko ata muntu n'umwe yemerewe guhabwa ijambo mu gihe c'inkuka ya misa atari umulayike abirekuriwe.

Mw’itangazo yashize ahabona, inama y’abepiskopi gatolika y’Uburundi ivuga ko yifuza gukuraho umuco w’abantu bishimikiza "igihagararo bafise mu gihugu bagaca bibaza ko bafise uburenganzira bwo gufata ijambo mw'isengero iyo bagiye mu misa.

Musenyeri mukuru wa Archidiyoseze ya Bujumbura akaba ari nawe ahagarariye Papa muri diyoseze ya Ngozi, Gervais Banshimiyubusa, yasomye iryo tangazo avuga ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kubahiriza iteka ryo guhimbaza isakaramentu ry’ukarisiya.

Ni ingingo ifashwe mu gihe hari hagize iminsi hibonekeza bamwe mu bari mu nzego za Reta bahabwa umwanya wo gushikiriza amajambo n’ubutumwa mu gihe c’inkuka ya misa.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:57 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG