Inama nkuru y’abasenmyeri yarasavye reta y’Uburundi kworohereza abanyamigambwe. Yarasavye kandi umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI gukorera mu bwigenge
Inama y’abasenyiri iteye ako kamo inyuma y’aho habonekeye ibintu bitari bike vyerekana kw’imigambwe itari mike itavuga rumwe na reta yidogera reta y’Uburundi hamwe n’inyuma y’aho iyo migambwe nyene itangarije icese kw’itashimishijwe n’igikorwa kiriko kirarangurwa n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI:
Mushobora kwumviriza ikiganiro umukuru w’inama nkuru y’abasenyeri, Musenyeri Gervais Banshimiyubusa yahaye Iradiyo Ijwi rya Amerika: