Uko wahagera

Nijeriya mu Ruhigi rw'Inkozi z'Ikibi Ziheruka Kwica Abantu 47


Bamwe mu bajejwe gucungera umutekano muri Nijeriya
Bamwe mu bajejwe gucungera umutekano muri Nijeriya

Inteko zijejwe umutekano za Nijeriya ziriko zirahiga inkozi z'ikibi zitwaje ibirwanisho zishe abantu 47 mu misi ya vuba mu bice vyo mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu.

Ubwo bwicanyi bwabereye muri Reta ya Kaduna ihana urubibe n’umurwa mukuru wa politike wa Nijeriya, Abuja. Umutegetsi mukuru ajejwe umutekano mw’iyo reta, Samuel Aruwan yemeje iyo nkuru.

Abantu 9 barishwe mu mihana iri ahantu hatatu hatandukanye muri Reta ya Kaduna ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Abandi 38 barishwe ku musi w’Imana n’abantu bitwaje ibirwanishso mu kindi gice ca Kaduna. Inzu n’imodoka vyaraturiwe hamwe n’ivyimburwa.

Nta murwi n'umwe wiyitiriye ivyo bitero. Yamara abikekwa ni imirwi y’inkozi z’ikibi zishe gushika ubu muri uyu mwaka abantu batari musi y’i 2.500 mu ma reta yo mu buraruko bushira uburengero no hagati mu gihugu. Ivyo bitero vyariyongeye mu mezi atatu arangiye.

Iyo mirwi y’inkozi z’ikibi igizwe ahanini n’imisore y’abo mu bwoko bw’Abafulani b’aborozi. Bamaze imyaka itari mike batana mu mitwe n’abarimyi bo mu bwoko bw’Abahausa.

Inteko zijejwe umutekano zararungitswe mu bice vyageramiwe n’ibitero. Yamara nta makuru yerekeye abahagaritswe aratangazwa. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG