Uko wahagera

Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abantu 38 muri Nijeriya


Abantu ahari ikambi y'abateshejwe ingo zabo haturiwe na Boko Haram i Dalori, muri Nigeria

Abasuma b’ibitungwa bitwaje ibirwanisho kuri uyu w’Imana bishe abantu 38 mu bitero bitatu bakoze muri reta ya Kaduna iri mu buraruko bwa Nijeriya. Ibi vyavuzwe n’umutegetsi wo muri ako karere vyabereyemwo.

Abo basuma, bakunze gukoresha amapikipiki, bateye imihana y’i Kauran Fawa, Marke na Riheya muri komine ya Giwa, nkuko vyavuzwe na Samuel Aruwan, umutegetsi muri reta ya Kaduna. Amazu, amakamyo hamwe n’imodokari vyaturiwe, eka n’imirima itari mike, nkuko yabandanije avuga.

Uburaruko bushira uburengero hamwe no hagati muri Nijeriya hamenyerewe ubwicanyi bukorwa n’abasuma b’ibitungwa hamwe n’abanyuruza abantu batera abanyagihugu, bakiba, bagaturira no gusahura amazu. Batera kandi amashure bakanyuruzwa abanyeshure batumbereye gusaba amafaranga abavyeyi babo hamwe n’abategetsi imbere ko kubarekura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG