Uko wahagera

Nijeriya: Abitwaje Inkoho Barishe Abantu Umunani mu Ntara ya Plateau


Abakekwa kuba imigwi y’abicanyi bitwaje ibirwanisho mu ntara ya Plateau muri Nijeriya barateye kw’isoko yariko irarema ku murango izuba riva bicamwo abanyagihugu umunani. Ibi vyavuzwe kuri uyu wa mbere n’abanyagihugu bavyiboneye imbona nkubone.

Ico gitero co ku musi w’Imana gikurikiye ibindi bimaze imyaka bibera muri ako karere hagati y’aborozi b’abayisilamu hamwe n’abarimyi b’abakristu.

Umutegetsi aserukira abanyagihugu, muri ako karere, Ado Abubakar yavuze ko abo basuma bateye ku musi w’Imana.

Abantu bitwaje ibirwanisho bikomeye, bazwi nk’abasuma bakunze gutera ibice vyo hagati no mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya. Batera ubwoba abanyagihugu mu kubica, kubanyuruza, kubasambanya hamwe no kubasahura.

Umuvugizi w’igiporisi Ubah Ogaba yavuze ko igitigiri c’abahasize ubuzima kiriko kiratohozwako. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG