Uko wahagera

Abitwaje Ibirwanisho Barishe Abasivile 15 muri Nijeriya


Abatabara bateruye ikiziga inyuma y'igitero c'umwiyahuzi muri reta ya Maiduguri, muri Nijeriya, Kw'itariki ya 27/04/2018
Abatabara bateruye ikiziga inyuma y'igitero c'umwiyahuzi muri reta ya Maiduguri, muri Nijeriya, Kw'itariki ya 27/04/2018

Abantu bitwaje ibikoho biremereye barishe abasivile 15 mu bitero bibiri bitandukanye muri reta ya Sokoto, mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya ku musi w’Imana, hafi y’urubibe na Nijeri. Ibi vyavuzwe na buramatari w’iyo reta kuri uyu wa mbere.

Imihari y’abicanyi izwi nk’abasuma imaze imyaka ikora iterabwoba mu buraruko bushira uburengero no hagati muri Nijeriya. Bagavye ibitero bakongera bakiba mu mihana y’abanyagihugu. Ariko ibitero vyabo vyariyongereye mu mezi aheze.

Kuva mu kwezi kw’icenda, abasirikare ba Nijeriya bariko baragaba ibitero vyo hasi n’ivy’indege ku makambi y’abo basuma muri reta ya Zamfara, aho bafise ibirindiro bikomeye.

Mu kwezi guheze, abo basuma baragavye igitero kw’isoko ry’i Goronyo, bica abadandaza 43. Iki gitero cabaye haheze imisi abandi bantu 19 biciwe ku yindi soko mu gisagara ca Sabon Birni, ahiciwe abasirikare 17 ba Nijeriya mu kwezi kw’imbere y’aho.

Iyo migwi y’abicanyi yarongereje ibikorwa vyo kunyuruza abanyeshure batumbereye kubivyaza amafaranga, aho abanyeshure barenga 1.400 bamaze kunyuruzwa nkuko UNICEF yabivuze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG