Uko wahagera

Abanyororo 9 Barishwe Abandi 250 Baratoroka muri Nijeriya


Ibohero ro mu gisagara ca Owerri, muri Nigeria, kw'itariki 5/04/2021
Ibohero ro mu gisagara ca Owerri, muri Nigeria, kw'itariki 5/04/2021

Abanyororo icenda barishwe abandi barenga 250 baratoroka ibohero muri Nijeriya. Ni inyuma y’aho abantu bitwaje ibirwanisho batereye ibohero ryo mu ntara ku musi w’Imana hagati muri Nijeriya, mu mpera z’indwi irangiye. Abategetsi bajejwe amabohero babivuze kuri uyu wa mbere.

Francis Enobore, umuvugizi w’abajejwe gucunga umutekano w’iryo bihero, yavuze ko umwe mu bateye hamwe n’umwe mu bajejwe gucungera ibohero bishwe. Yavuze kandi ko abanyororo cumi mu nyuma bafashwe inyuma y’ico gitero.

Abanyororo barenga 800 baratorotse ibohero ry’i Abolongo muri reta ya Oyo mu bumanuko bushira uburengero, mu kwezi guheze inyuma y’aho abitwaje inkoho bakoreshereje amagerenade kugira baryinjiremwo.

Abategetsi ba Nijeria nta mugwi baravuga ko ari wo ukora ivyo bitero. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG