Uko wahagera

Myanmar: Imyiyerekano y'Abadashigikiye Ihirikwa ry'Ubutegetsi Yakajijwe


Bamwe mu bari mu myiyerekano
Bamwe mu bari mu myiyerekano

Muri Myanmar, ibihumbi n’ibihumbi vy'abanyagihugu bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ihirikwa ry’ubutegetsi ryakozwe n’abasirikare mu ndwi iheze no gusaba irekurwa rya Aung San Suu Kyi yaheruka gutorwa nka perezida w’ico gihugu.

Iyi myiyerekano yabereye mu mihingo itandukanye y’igihugu irimwo igisagara gisumba ibindi vyose, Yangon, yatanguye ejo ku wa gatandatu.

Abiyerekaniye ku murwa mukuru w’ubudandaji Yangon bagenda bararirimba bati: “ Ntidukeneye intwaro y’igikenye c’abasirikare, twishakira demokarasi.” Abo, hambavu y’amafoto ya Madamu Suu Kyi yigeze gutahukana agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel, bari banafise ibipurizo vy’ibara ritukura ari naryo bara ry’umugambwe NLD uwo mupfasoni akomokamwo, hamwe n’amabendera y’uwo mugambwe.

Imyiyerekano y’ejo kuwa gatandatu n’uno munsi kuwa Mungu ni yo ikaze ya mbere ibaye kuva mu 2007. Ni nayo ikomeye itunganijwe n’abadashigikiye ihirikwa ry’ubutegetsi kuva abasirikare babufata ku munsi wa mbere w’indwi iheze. ONU ivuga ko kuva ino myiyerekano itangura, abamaze gutabwa muri yompi bagera ku 160.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG