Uko wahagera

USA Isaba Amakungu Kuja Hamwe mu Kuremera Igisirikare Myanmar


Igisirikare ca Myanmar kizibira amabarabara inyuma ya kudeta.
Igisirikare ca Myanmar kizibira amabarabara inyuma ya kudeta.

Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa mbere yagiye imbere y’ayandi ma reta kw’isi mu gusaba gusubizaho intwaro ishingiye kuri demokarasi muri Myanmar yigeze kuba yitwa Birimaniya. Ni inyuma ya kudeta yakozwe n’igisirikare, yakurikiwe n’igaharikwa ry’umutegetsi w’umusivile, Aung San Suu Kyi, hamwe n’abandi banyeporitike.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, yasavye amakungu kwiyunga mu runani bakavuga rumwe mu gusatira igisirikare ca Myanmar kigasubiza ubutegetsi cambuye abasivile.

Biden yibukije ko Amerika imaze imyaka yarakuyeho ibihano yari yarafatiye ico gihugu kubera hari intambwe zagaragaye ko kiriko kiragana mu nzira ya demokarasi. Yongeyeko ko gusubira inyuma kuri iyo ntambwe bizotuma Amerika isubira kwihweza ico amategeko avuga ku bihano, bigasubizwaho.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson nawe yaneguye iyo kudeta hamwe n’ifungwa rya Suu Kyi. Yavuze ko ico abanyagihugu batoye gikwiye kwubahirizwa kandi abategetsi b’abasivile bafunzwe bakarekurwa.

Ubushinwa, bukunze kudashigikira ingingo zifatwa na ONU kuri Myanmar, bwasavye impande zose gutorera hamwe inyishu z’ivyo badahurizako.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, abicishije ku muvugizi wiwe, Stephane Dujarric, yavuze ko ivyabaye muri Myanmar ari ugusubira inyuma muri demokarasi.

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano katumyeko inama yihuta kuri uyu wa kabiri yo kuvugana kuri ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG