Uko wahagera

Muri Mali Igitero Cahitanye Abasirikali Bane ba ONU


ONU yatangaje ko igitero gikomeye giheruka cakozwe ku nteko zayo zijejwe umutekano muri Mali cahitanye abashika kuri bane.

Icyegeranyo ONU yasohoye ejo civuga kandi ko ico gitero cahitanye abagwanyi 23, congera gikomeretsa abandi basirikare ba ONU 34.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric, yavuze ashimitse yuko umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, Antonio Guterres yashimiye yivuye inyuma ibikorwa vy’abasirikare bava mu gihugu ca Cadi bagize mu gukingira inkambi ya gisirikare iri i Aguelhok mu ntara ya Kidal. Uwo muvugizi avuga kandi ko umunyamabanga mukuru wa ONU ababajwe n’abasirikare bava muri Cadi basize ubuzima muri ico gitero.

Dujarric ariko yishura ikibazo cerekeye igitigiri c’abagwanyi bishwe, avuga ko ibiro vya ONU muri ico gihugu vyaharuye ibiziga 23 vy’abo bagwanyi, hakaba kandi harafashwe bimwe mu bigwanisho n’ibikoresho vyabo birimwo n’imodoka

Igihugu ca Mali catanguye kugwanya intagondwa zo mw’idini rya Islamu kuva mu mwaka wa 2012. Abo bagwanyi basigaye baraguye akarere bakoreramwo ku buryo bamaze gushika hagati na hagati mu gihugu. Ivyo vyaratumye havuka icuka kibi c’amacakubiri hagati y’abanyagihugu mu bigwati vyaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG