Uko wahagera

Igisirikare ca Mali Cemeza ko Cishe Intagondwa 100


Abasirikare ba Mali ku murwa mukuru Bamako

Igisirikare ca Mali cashikirije kuri uyu wa kabiri ko abarwanyi 100 bashingiye ku vyiyumviro vya kiyisilamu bishwe muri uku kwezi, mu bitero vyakozwe n’inteko z’Ubufaransa na Mali muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika.

Ico gisirikare cavuze ko izindi ntagondwa zishika 20, amapikipiki yazo, n’ibikoresho vyo mu ntambara vyabo vyafashwe muri ivyo bitero bakoranye n’inteko z’Ubufaransa za Barkhane, ziyemeje guhanagura izo ntagondwa mu karere ka Sahel.

Mali yamye iriko iragerageza kurwanya izo ntagondwa zatanguye urugamba mu buraruko bw’igihugu mu 2012 imbere yo gutandukira mu bice vyo hagati no mu bihugu bibanyi vya Burkina Faso na Nijeri.

Ubufaransa, bwatanguye gushigikira Mali muri urwo rugamba mu 2013, igihe abo barwanyi bariko begereza umurwa mukuru Bamako.

Mu ntango z’uku kwezi, igisirikare c’Ubufaransa cavuze ko cishe intagondwa 15 hafi y’urubibe Mali ihana na Burkina Faso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG