Uko wahagera

Abantu 100 Barishwe mu Gitero mu Burengero bwa Nijeri


Ikarata yerekana intara ya Tillaberi ya Nijeri
Ikarata yerekana intara ya Tillaberi ya Nijeri

Abantu hafi 100 barishwe muri Nijeri, mu gitero cabereye mu duce tubiri two mu burengero bw’ico gihugu. Ni bumwe mu bwicanyi bw’agahomerabunwa ku basivile muri ico gihugu no mu karere ka Sahel kasinzikajwe n’imihari irwana yiyitirira idini rya kiyisilamu. Bubaye mu gihe igihugu kiri mu bihe vy’amatora.

Umukuru w’igisagara ca Tondikiwindi, Almou Hassane, yavuze ko abantu 70 biciwe ahitwa Tchoma Bangou, abandi 30 bicirwa ahitwa Zaroumadareye. Avuga kandi ko abandi 25 bakomeretse batwawe kuvurirwa i Niamey ku murwa mukuru.

Ico gitero cakozwe n’abakora iterabwoba bari ku mapikipiki cabaye ku musi wa gatandatu nta muhari waciyitiriye.

Iyo mihana ibiri yatewe iri ku birometero 120 uva mu buraruko bw’umurwa mukuru, Niamey kandi iri mu ntara ya Tillabéri, iri ku rubibe rwa Mali na Burkina Faso.

Perezida Mahamadou Issoufou yanditse ku rubuga rwa Twitter kuri uyu w’Imana ko yifatanije n’ababuze ababo.

Muri ico gihe, ibiharuro vy’igice ca mbere c’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’italiki ya 27 y’ukwezi kwa cumi na kabiri niho vyatangazwa. Umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi, Mohamed Bazoum, yahoze ari umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, yaronse amajwi 39.33 kw’ijana. Yaremeye ko azokomeza urugamba rwo kurwanya imihari y’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG