Uko wahagera

Melania Trump Yahaye Ibitabo Abanyeshule bo muri Malawi


Melania Trump akigera muri Malawi
Melania Trump akigera muri Malawi

Umutambukanyi wa perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Melania Trump, yashitse uno musi ku wa kane mu gitondo ku murwa mukuru w’igihugu ca Malawi, Lilongwe.

Agishika i Lilongwe, Melania yagendeye ishule ry’intango, Chipala Primary School, aho abana bahiga bamwakiranye indirimbo bahimbawe n’ukumubona.

Ishure "Chipala Primary School " rihabwa imfashanyo n’ikigo c'Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID.

Malawi yararonse ibitabo vy’ishule imiliyoni icenda n’ibihumbi amajana atandatu mu kringo c’imyaka mikeyi irangiye, biciye mu mugambi w’igihugu w’ukwigisha abantu gusoma ushigikiwe na Amerika.

Umutambukanyi wa Perezida Trump agiye muri Malawi inyuma yo kugendera Ghana. Azova muri Malawi aja muri Kenya hama asozerere muri Misiri.

Ni ubwa mbere Madamu wa Trump agendeye Afurika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG