Uko wahagera

Melania Trump Aratangura Urugendo Rwiwe rwa Mbere muri Afurika


Umutambukanyi wa perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Melania Trump, aratangura kuri uno wa mbere urugendo rwiwe rw'iminsi itanu muri Afurika.

Ni urugendo rwa mbere agize ari wenyene mu mahanga kuva umugabo wiwe abaye perezida.

Melania Trump azogendera ibihugu vya Ghana, Malawi, Kenya na Misiri, aho azoshimikira ku bibazo vyo kwitaho abavyeyi n'abana barimwo abakivuka.

Ukubaho neza kw’abana vyarashimikiweko cane n’umugambi wa Melania Trump wiswe “Be Best" watangujwe mu ntango z’uyu mwaka.

Urugendo rwa Melania rushobora kutoroherezwa n'amajambo umugabo wiwe yoba yaravuze yita Afurika "Umugabane w'amazirantoke".

Yamara Joshua Meservey, umuhinga akomeye ku migambi yerekeye akarere ka Afurika mu kigo, “Heritage Foundation” abona ko ata ngaruka ayo majambo ya Trump azogira kuri urwo rugendo. Avuga ko imigenderanire hagati ya Amerika na Afurika irengeye cane ivyatangajwe na perezida Trump.

Melania Trump akwirikiye abandi batambukanyi b’abaperezida ba Amerika bagendeye akarere ka Afurika. Hilary Clinton, Laura Bush na Michelle Obama baragendeye Afurika incuro zitari nke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG