Umutambukanyi wa perezida wa Amerika, Melania Trump, ari mu rugendo rwiwe rwa mbere yikoranye atari kumwe n'umushingantahe wiwe kuva aho agiriye ku butegetsi.
Melania Trump ariko agendera Ghana, Malawi, Kenya, na Misiri.
Agishika muri Ghana mu gatondo k'uno wa kabiri, yagendeye ibitaro bikuru vy’akarere k’umurwa mukuru Accra, aho bamweretse uko inzoya zipimwa ibiro mu dufuko tumanitse, n'ingene bahabwa ingaburo n'imiti.
Melania Trump yagiye kandi ku kirimba c'umukuru w'igihugu, aho yabonanye n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Ghana, Rebecca Akufo-Addo.
Urugendo rwiwe azorubandaniriza muri Malawi, hama yerekeze muri Kenya imbere yo gusozerera muri Misiri.
Facebook Forum