Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere Perezida wa Eritreya Ariko Agendera Etiyopiya


Perezida wa Eritreya akigera muri Etiyopiya
Perezida wa Eritreya akigera muri Etiyopiya

Ku ncuro ya mbere kuva mu 1998, Perezida wa Eritreya Isaias Afwerki ariko agendera Etiyopiya. Ni muntumbero yo gukomeza imigenderanire myiza iriko iranaguka hagati y’ivyo bihugu.

Bitegekanijwe ko muri urwo rugendo ruzomara imisi itatu, Isaias Afwerki yugurura ambassade ya Eritreya muri Etiyopiya yari imaze imyaka 20 yarugawe.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yari yagendeye Eritreya aho yashize umukono ku masezerano yo guheza ukutumvikana hagati y’ivyo bihugu.

Eritreya yahoze ari imwe mu ntara zari zigize Etiyopiya imbere yuko yikukira ikemezwa nk’igihugu mu 1993.

Inryane hagati y’ivyo bihugu bifatwa nka bivandimwe zagiye gukomera mu 1998 ziturutse ku rubibe vyapfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG